Bahrain yatse ubwenegihugu Sheikh Isa Qassim

Sheikh Isa Qassim

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Bahrain yatse ubwenegihugu Sheikh Isa Qassim, umutegetsi akomeye mw'idini rya Islam wo mu bwoko bw'aba Shia.

Bahrain yatse ubwenegihugu umutegetsi akomeye mw'idini rya Islam wo mu bwoko bw'aba Shia.

Itangazo ry'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu ryagiriza Sheikh Isa Qassim, gukoresha igihagararo afise " mu gukorera inyungu z'abanyamahanga" no gushigikira " amacakubiri b'imidurumbanyo".

Uwo mutegetsi mw'idini, yari afise ikibanza ca Ayatollah, yarashigikiye imyiyerekano yagizwe n'aba shia, ari na bo benshi, basaba uburenganzira bwabo bwa politike n'imibano barekuriwe n'amategeko.

Mu ndwi iheze, reta yarahagaritse umugwi w'abatavuga rumwe na reta.

Abategetsi ba Bahrain bavuze ko ibiro vy'ishirahamwe rya Wefaq National Islamic, na vyo vyugawe ibirimwo navyo birafatwa.

Uwurongoye Wefaq, umutegetsi mw'idini w'umu shia Sheikh Ali Salman, arapfunzwe, bakaba baherutse kwongereza igipfungo ciwe kw'imyaka 9, inyuma y'aho bamuhamije icaha mu 2015 co kubiba urwanko, ubugarariji no gutuka inzego za reta.

Amakuru ya Amerika yo mw'ibanga yashizwe ahagaragara na Wikileaks avuga ko Sheikh Isa Qassim yari nk'umurongozi w'idini ry'uwo mugwi.

Yabonwa kandi nk'umuyobizi w'idini ry'aba shia.

Izo nkuru zituruka muri Amerika zavuga kandi ko uwo mutegetsi w'idini yize muri mu gisagara ca Qom muri Iran mu myaka ya 1990, akaba yaramaze n'igihe mu gisagara ca Najaf muri Iraq, mu kindi kigo c'aba Shia.